17 novembre 2019: Journée Mondiale des pauvres. Thème:“L’espérance des pauvres ne sera jamais déçue”

Umunsi wa Karitasi Burundi wo gukingira ibidukikije

Envoyer Imprimer PDF

MU MUGAMBI PAMIA-nut  MURAMVYA 21 NYAKANGA 2019 KUVA ISAHA 3 na 30 GUSHIKA 9. 

Ubutumire

Yezu Kristu yaraducunguye hamwe n’iyi si.

Umwana w’Imana mu kuza kw’isi, yayizaniye amahoro: “Imana ininahazwe mw’ijuru, kw’isi naho hayagwe amahoro ku bakunzi bayo!” (Luka 2, 14). Ni ivy'ukuri, Yezu ni wa Mwami w’amahoro yamenyeshejwe n’umuhanuzi Izaya ngo: “Inganji yiwe azoyivyagiza mu mahoro y’akatabonetse ku ntebe ya Dawudi n’ingoma yiwe, ayishinge ayishigikire mu ngingo n’ubutungane kuva ubu no mu myaka yose” (Izaya 9, 5-6). Ivyo biranguka ku bakunzi b’Imana, ni ukuvuga ku bantu bose bemera ko ubwiza bw’Imana n’urukundo rwayo bibashikiriza amahoro. Ayo mahoro ni ugusubiza hamwe kw’Imana n’ivyo yaremye vyose. Nico Yezu Kristu yaje kurangura, mu kubohora abantu ivyo vyose vyababuza kwumva ijwi ry’Imana n’ukuyigamburukira. Mu rupfu n’izuka ryiwe, Yezu Kristu araheza agatangura iremwa rishasha, “kuko Imana yashimye kumuvyagizamwo umusesekara wose kandi ku bwiwe igashima kwuzuza vyose nawe ngo birore kuri we, ivyo kw’isi n’ivyo mw’ijuru, mu kubizanira amahoro kubw’amaraso yasheshe ku musalaba” (Kolosi 1, 19-20).

Yezu ntakiza umuntu gusa, aza gurtyorora n’ivyo vyose umuntu yahumanije kubera igicumuro, kugira ngo bisubizwe bwa bwiza bwa mbere. Mbere muri uko gusubizwa iteka kw’umuntu hamwe n’ibindi vyaremwe, twibuke ko Yezu Kristu aca no ku bintu tubona, tumenyereye, akabiha ububasha bubihindura, bikadushikiriza ubuzima bushasha yatuzaniye: amazi, amavuta, umukate, umuvinyu…

-Turorereye “isi nshasha n’ijuru rishasha”.

Yezu yacunguye ivyaremwe vyose kugira ngo ubwami bw’Imana busasagare. Nico gituma tutokoresha isi n’ibiri kuri yo nkuko vyoba ari vyo maherezo yacu, nkuko vyoba ari vyo hangiro ry’ubuzima bwacu. Nkako turemera kandi turindiriye isi nshasha n’ijuru rishasha tuzohabwa n'Imana nyene. Ibintu vyose bizohinduka, aho Yezu Kristu azozira kwegeraniriza vyose mu minwe y’Uwamuhaye kuganza vyose (1 Korenti 15, 28). Iryo sango turaryiteze, ariko si twebwe gusa, n’ibindi biremwa vyose biraryiteze: “Erega ibiremwa vyose birarindiranye igishika cinshi uguhishurirwa kw’abana b’Imana. Naho ibiremwa vyose vyaguye mu buja bw’ibitagira mvura, na none si vyo vyavyishakiye, vyavuye riho ku wubiganza, ivyo biremwa nyene birizigiye yuko bizokira na vyo nyene bwa buja bubituma bikwiriye kubora, ngo bishikire umwidegemvyo w’ubuninahazwa bw’abana b’Imana” (Romani 8, 18-21).

Urukiza rw’umuntu rurafatanye n’urw’ibindi biremwa vyose. Umuntu ntiyitwararika gukiza umutima wiwe gusa, aritwararika n’ugukiza umubiri wiwe, hamwe n’ibindi biremwa bimufasha muri uru rugendo arimwo agana Imana. Nico gituma mbere no mu gisabisho ciwe atokwigera yibagira gusaba inguvu z’ugushishikara ubutumwa yahawe n’Imana bw’uguteza imbere iyi si turiko. Niho aba ariko arategura hamwe na Yezu ya “si nshasha na rya juru rishasha” turindiriye.

Connaitre Caritas Burundi