Nous nous proposons avec le Pape Francois, d'entrer en dialogue avec tous au sujet de notre maison commune

JA slide show

CARITAS BURUNDI VOUS SOUHAITE UN BON TEMPS DE CARÊME.

Umunsi wo gutanguza ibikorwa vy'abaremeshakiyagontungamagara i Mutaho

Envoyer Imprimer PDF

Ndi n’iteka ntangere ryo kuba ndi kumwe namwe uno musi abaremeshakiyagontungamagara bo mu karere k’ubuvuzi ka Mutaho baramutse baronswa ibikoresho vyo kuvururira aho baba ingwara zibangamiye kurusha izindi abana bari hagati y’amezi 2 n’amezi 59. Izo ngwara nazo ni :

-         Malariya,

-         Umusonga ;

-         Gucibwamwo.

Vyongeye, abaremeshabiyagontungamagara bazosuzuma ingwara zijanye no gufungura nabi hanyuma bahimirize abavyyeyi b’abana basinzikajwe n’izo ngwara kubajana kw’ivuriro.

Baremeshakiyago, sangwa Imana, sangwa Uburundi, Sangwa amajambere. Kaze dusangire urungendo na Caritas Burundi.

Nk’uko muvyibuka, abaremeshakiyagontungamagara bagira baronswe ibikoresho bacaguwe mu baremeshakiyago batowe ku mitumba. Iryo cagurwa ryakozwe n’akarerere k’ubuvuzi ka Mutaho kabifashijwemwo n’ishirahamwe MSH, rifadikanije na Caritas Burundi.

Abaremeshakiyagontungamagara bazovururira abana i muhira bamaze gucagurwa, bararonkejwe inyigisho kuva kw’igenekerezo rya 8 gushika kw’igenekerezo rya 12 myandagaro. Izo nyigisho zatanzwe n’abahinga bo mu karere k’ubuvuzi ka Mutaho. Caritas Burundi ni yo yafashe mu mugongo izo nyigisho mu vyerekeye uburyo, abakozi bakuru bo mu Bushikiranganji bwo Kubungabunga Amagara y’Abantu no Kurwanya Ikiza Ruhonyanganda Sida nabo baragendura ingene izo nyigisho zitangwa.

Inyigisho zari zishimikiye ku ngingo nkuru nkuru zikurikira :

  1. Ibimenyetso mburizi bituma umuremeshakiyago aca arungika umwana kw’ivuriro vyihuta ;
  2. Malariya ico ari co n’ikiyitera ;
  3. Ibimenyetso vy’ingwara ya malariya ;
  4. Gupima malariya ;
  5. Kuvura malariya idakaze mu bana bafise amezi 2 gushika ku mezi 59 ;
  6.  Ibimenyetso vy’umusonga
  7. Kuvura umusonga ;
  8. Ibimenyetso vyo gucibwamwo ;
  9. Ingene  bavura umwana acibwamwo ;

10. Ingene bategura amazi y’ubuzima ;

11. Gusuzuma abana babangamiwe n’ingwara zo gufungura nabi.

Muri ino ndwi, abaremeshakiyagontungamagara bo mu karere k’ubuvuzi ka Mutaho bariko barimenyereza mu mavuriro.

Uno munsi, ni akaryo keza kuri MSH na Caritas Burundi ko kubashikiriza ibikoresho. Ivyo bikoresho vyaguzwe na MSH, tukaba tuboneyeho akaryo ko kuyishimira ku muganda ukomeye yatarereye mu ri uno mugambi wo kuvururira abana i muhira.

-      Nyakwubahwa Musitanteri wa komine …………..

-      Nyakwuhwa Umuyobozi w’Igisata co Kwivuza no Kuvura (DODS) ;

-      Nyakwubahwa urongoye intara y’ubuvuzi ya Gitega ;

-      Nyakwubahwa urongoye akarere k’ubuvuzi ka Mutaho ;

-      Baremeshakiyagontungamagara ;

Mu ntumbero z’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU zerekeye iterembare rirama (ODD), mu kiringo 2015-2030, intumbero ya 3  ivuga iti : « Abantu bose bogira amagara meza, bakabaho neza ku myaka yose bashikanye ». Abana nabo nyene bategerezwa rero kugira amagara meza, bakabaho neza.

Leta y’Uburundi iramaze kugira utwigoro tutari duke kugira ngo abana bari musi y’imyaka itanu boroherwe mu bijanya n’amagara yabo no kubaho kwabo : kuvurwa ku buntu. Ariko rero, haracari vyinshi vyo gukora, kuko malariya, umusonga no gucibwamwo biguma bibangamira amagara y’abana bato bato.

Muri ivyo vyo gukora rero, uruhara rw ‘abaremeshakiyago ntungamagara ni ntangere. Ka natsinda, abaremeshakiyago ntungamagara nibo babana n’abo bana, ni bo bamenya hakiri kare abana bafashwe n’ingwara. Izo barekuriwe kuvura barashobora kuzivura abana batarasinzikara, kuzo batarekuriwe kuvura naho bagahimiriza abavyeyi kurungika abana kw’ivururo.

-      Baremeshakiyago,

Turabateye rero akamo, kugira igikorwa mwiyemeje gitere kija imbere. Nta nkeka ko mufatanije n’amavuriro mwegukira, ibikoresho mugiye kuronswa uno munsi bizobafasha kugarukira ku magara y’abana aho muherereye. Nka Caritas, turabahimirije kugira ico gikorwa muzokirangurane urukundo rwinshi, kumwe Yezu Kristu yadutegeka ko ibwirizwa risumba ayandi yose ari ibwirizwa ry’urukundo.

Abajejejwe akarere k’ubuvuzi, tubasavye kubakurikiranira hagufi, kugira aho muzozazanirwa mu gikorwa canyu, babahubure hakiri kare.

Nkaba ndangije nkeza Ubushikiranganji Bwo Kubungabunga Amagara y’Abantu no Kurwanya Ikiza Ruhonyanganda Sida ryemanze umugambi wo kuvurira abana bari hagati y’amezi 2 n’amazi 59 bubicishije ku baremeshakiyagontungamagara, nongera nshimira MSH ku bikorwa yaranguye muturerere tw’ubuvuzi twa Bubanza, Mpanda, Butezi na Mutaho.

Baratubereye abagenzi beza kandi tubemereye ko tutazobibagira na rimwe ku kugene twakoranye neza cane.

Imana ibahunde imihezagiro.

Murakoze.

MISSION ET VISION DE CARITAS BURUNDI

MISSION: Nous rêvons d'une société réconciliée où la dignité humaine est suprême, les droits de chacun promus (particulièrement les plus pauvres, les exclus et les opprimés) et l'environnement respecté.
VISION: Etre une organisation forte et dynamique, capable de contribuer à l'avènement d'une société réconciliée.

« C’est l’amour qui donne de la valeur et de la beauté à tout le reste : la famille, le travail, les études, l’amitié, les arts et toutes les activités humaines » (Pape François)

HP Pavilion TX2510US 12.1
HP Pavilion TX2510US 12.1
HP W2207 22 Widescreen
HP W2207 22 Widescreen
X2Gen 22 Widescreen
X2Gen 22 Widescreen
Logitech diNovo Edge
Logitech diNovo Edge
MacBook MB404LL/A
MacBook MB404LL/A